Amakuru
28 février 2023

Abasaba impapuro z’inzira bokwiruhutsa ko zigiye gusubira kuboneka

Umushikiranganji wa Mbere araremesha abasaba ibitabo vy’inzira passeports y’uko mu minsi mike bitazosubira kubura mu biro bizitanga. Imbere y’abashingamateka mu ndwi iheze, Gervais Ndirakobuca yishimikije amasezerano mashasha aherutse guterwako igikumu hagati y’ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ishirahamwe rishasha rigiye kubandanya rikora ivyo bitabo ku giciro gito. Mw’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abantu guhindura ingendo, barashima ibigiye gukorwa, bakizera ko n’igiciro casabwa abashaka ivyo bitabo kizoca kigabanuka.