Amakuru
20 octobre 2021

Abarwanyi b’Abanyarwanda 11 bashikirijwe igisirikare c’Urwanda n’abategetsi b’Uburundi

Leta y’Uburundi yashikirije kuri uyu wa kabiri abategetsi b’Urwanda abantu 11 baregwa gukorana bakongera bagashigikira umuhari urwana wa FLN. Vyabereye ku mupaka wa Nemba-Gasenyi mu buraruko bw’Uburundi mu ntara ya Kirundo. Ico gikorwa kikaba cari gihagarariwe n’umurwi wa gisirikare MCVE uhuriwemwo n’ibisirikare vyose vyo mu karere. Ku ruhande rw’Uburundi, barashima iyo ntambwe iri mu ntumbero yo gusubira kunagura ubucuti buri hagati y’ivyo bihugu bibiri bibanyi. Colonel Ernest Musaba, ajejwe iperereza rya gisirikare, yaserukiye Uburundi, abona ko gukorera hamwe bizotuma hatuzwa imirwi idurumbanya umutekano ku mipaka y’Uburundi n’Urwanda.