Amakuru
4 novembre 2022

Abarundi ntibahunze inzara. Icotuma bahunguka si amafaranga, ni amahoro

Impunzi ico zikeneye kugira zitahe ni uko ubwicanyi bwatumye bahunga bwohagarara. Bivugwa na Damien Nyabenda, aserukira impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu c’Ubuganda. Abivuze inyuma y’aho kuri uyu wa gatatu umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca asavye icegera c’uwurongoye HCR kwongereza ibihabwa abahungutse. Damien Nyabenda akavuga ko ico bakeneye kugira bahunguke ari amahoro atari amahera.