Amakuru
24 janvier 2024

Abarundi bava mu mihingo itandukanye bazokora ibikorwa vyo gukura mu kaga igihugu (CFOR-Arusha)

Abarundi bari mu mirwi itandukanye n’abigenga bumvikanye kuja hamwe kugira bakore ibikorwa vyo gutabara igihugu bavuga ko kiri mu manga. Bari mu nama yabereye mu Bubirigi ikaba yamaze iminsi itatu. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye CFOR-Arusha, umwe mu banyepolitike bari muri uwo mwiherero, akavuga ko igikorwa nyamukuru caranze iyo nama kwari kwumva kumwe ibibazo Uburundi burimwo, hanyuma bose bagakorera ku mugozi umwe.