Amakuru
17 décembre 2021

Abarundi bategerezwa kwicandagisha, nibwo buryo bwo kwikingira ikiza ca Corona

Umugambwe MSD urasaba Abarundi kuja kwicandagisha ku bwinshi kugira bikingire umugera wa Corona na cane cane muri kino gihe abandura babaye umurengera. Epitace Nshimirimana, avugira uwo mugambwe, aributsa Abarundi ko abahinga muvy’amagara y’abantu bemeza ko gushika uno munsi urucanco aribwo buryo bwa mbere bwo kwikingira umugera wa Corona. Akabona ko inyifato ya leta mu kurwanya ico kiza, yerekana neza ko itagishoboye gukingira abo ijejwe.