Amakuru
19 juillet 2024

Abarundi bategerezwa gufatana mu nda bakagwanya abadashaka iterambere ry’Uburundi (E. Ndayishimiye)

Abakoloni b’Ababirigi baranyegeje amabuye y’agaciro ivyo bita ubutare, kugira ngo bagumize Uburundi mu bukene. Ivyo ni ibivugwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari ku munsi wa gatatu muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo, ni mu gihe yari ahejeje kugendera ikinogo kirekire, aho yiboneye ubutare bwinshi bwari bunyegejeyo. Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yasavye Abarundi bose gukora, bakima amatwi abanyamahanga badashaka iterambere ry’igihugu.