Amakuru
4 juillet 2023

Abarundi bashaka kwikukira vy’ukuri, bobanza guhaguruka nk’umuntu umwe bakikurako CNDD-FDD

Uno munsi Uburundi buri mu buja gusumba ubwo bwarimwo ku ntwaro y’abakoloni. Bivugwa n’uwurongoye umugamwe utavuga rumwe na leta MSD. Hari mw’ijambo yashikirije mu ntumbero yo kwibuka imyaka 61 iheze Uburundi bwikukiye. Alexis Sinduhije abona ko umugambwe CNDD-FDD kuva ushitse ku butegetsi waranzwe no kwica no gutoteza Abarundi gusumba uko abakoloni babikora.