Amakuru
30 avril 2022

Abarundi basabwa kugumana umutima hamwe, kubera ikibazo c’igitoro kidahanze Uburundi gusa

Leta y’Uburundi ntako itariko irakora kugira ikibazo c’igitoro gitorerwe umuti. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabivugiye mu masengesho y’umugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa kane. Umukuru w’Igihugu agasaba Abarundi kugumiza umutima mu nda kuko ico kibazo batacisangije.