Amakuru
10 juin 2022

Abarundi bari barahunze igihugu ntibakiri impunzi, bari muri diaspora

Abarundi benshi bahunze ntibacigenza nk’impunzi, basigaye bigenza nk’uko baba hanze gusa (Diaspora). « Ivyo vyerekana ko twateye imbere mu gukunda igihugu ». Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa 08 Ruheshi aho Uburundi bwari buramutse buhimbaza umunsi mukuru witiriwe gukunda igihugu. Evariste Ndayishimiye akavuga ko n’abagicapfuza igihugu mu makungu ubu batakari benshi.