Amakuru
9 décembre 2021

Abarundi barakwiye kwikingiza Corona batarinze kurindira akamo k’abategetsi b’Uburundi

Leta y’Uburundi ngo irabandanya kwakira imfashanyo z’incanco z’ikiza ca Corona ariko ibitigiri vy’abikingiza bikaba bikiri hasi cane. Bishikirizwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu. Come Konakuze akabona ko n’imfashanyo ya mbere y’urucanco rwa Coronavirus ruzohava ruta agaciro rudakoreshejwe. Agasaba nyabuna leta guhimiriza abanyagihugu kugira bikingize ku bwinshi.