Amakuru
26 mars 2024

Abarundi barakwiye kugarukira igihugu Evariste Ndayishimiye ataragitembagaza (E. Nshimirimana)

Abarundi bakwiye guhaguruka bakankira umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye gutembagaza igihugu. Bivugwa n’umuvugizi w’umugambwe MSD Epitace Nshimirimana. Abivuze inyuma y’aho Evariste Ndayishimiye amenyeshereje ko Uburundi bushobora kwisanga butakigira ifaranga na rimwe. Epitace Nshimirimana asaba Abarundi ko batorindira ko Evariste Ndayishimiye ashikana igihugu iyo yipfuza kugishikana.