Amakuru
15 mars 2024

Abarundi barakwiye guhagararira demokarasi iriko irahambwa na CNDD-FDD (Epitace Nshimirimana)

Ivyo ubutegetsi buherutse gukorera umugambwe CNL birerekana ko demokarasi ata kibanza ifise mu gihugu. Bivugwa na Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’umugambwe MSD. Abivuze inyuma y’aho ku munsi wa Mungu igenekerezo rya 10 Ntwarante, ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu bwemereye ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNL ritumweko n’abiyonkoye kuri Rwasa. Umuvugizi w’umugambwe MSD asaba Abarundi guhaguruka bahagararire demokarasi.