Amakuru
31 janvier 2024

Abarundi bapfa ku bwinshi mu mirwi ifatikanije na FARDC mu kurwanya M23 (Rudatsimburwa)

Biragoye kwizera ko bishoboka ko haba agahengwe ku ntambara ziriko zirabera mu buseruko bwa Congo mu gihe ingabo za leta ya Kinshasa n’abo bakorana bose mu kurwanya umuhari M23 batubahirije amasezerano yo guhagarika intambara. Bivugwa na Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda akaba n’umuhinga mu vya politike, mu gihe muri iyi minsi imiryango y’Abarundi iriko irabura bamwe mu basirikare bajanywe kurwana muri Congo kwifatanya n’igisirikare ca Congo hamwe n’iyindi mirwi bakorana mu kurwanya M23. Rudatsimburwa avuga ko Abarundi atari bo bonyene bapfa ariko bapfa cane kubera bari mu murwi uboneka cane mu yiriko irafasha leta ya Congo.