Amakuru
10 mars 2021

Abarundi bamwe baratanguye kwizera ko imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu ishobora kumera neza, n’aho hari vyinshi vyo gukora kugira Uburundi buhashike

Abarundi bamwe baratanguye kwizera ko imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu ishobora kumera neza, n’aho hari vyinshi vyo gukora kugira Uburundi buhashike. Ivyo biri mu matohoza yagizwe n’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radio Inzamba, RPA na Télévision Renaissance, ku bijanye n’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu ku ntwaro nshasha ya Evariste Ndayishimiye yo kuva mukwezi kwa Myandagaro umwaka 2020. Mu vyokorwa mu kuhashika ni nk’ukurekura abanyororo ba politike, kwubahiriza ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru hamwe n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu.