Amakuru
6 février 2024

Abarundi bakwiye kwirukana CNDD-FDD ku butegetsi kugira bashobore gutsimbataza ubumwe (MSD)

Ubutegetsi bwa CNDD-FDD ntibwovuga ubumwe bw’Abarundi kandi burangwa no kubaryanisha. Bivugwa na Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’umugambwe MSD. Abivuze kuri uyu wa 5 Ruhuhuma, umunsi Abarundi baramutse bahimbaza imyaka 33 iheze hemejwe Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi. Epitace Nshimirimana ahamagarira Abarundi kuja hamwe bagatangura gukura ku butegetsi CNDD-FDD kugira bashireho intwaro ishobora guharanira ubumwe bwabo.