Amakuru
23 novembre 2022

Abarundi bakwiye kumenya ko bafise leta itabababaye, ntibibaze ko ibabazwa n’ibiciro vyaduze

Ibiciro vy’ibiribwa vya nkenerwa biriko biraduga vy’umurengera si yo ngorane ubutegetsi bufise. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Yagiriza ubutegetsi bwa CNDD-FDD gukoresha ugukenesha abanyagihugu kugira bushobore kubacinyiza.