Amakuru
5 juin 2024

Abarundi bakwiye kuja hamwe kugira babandanye iragi rya Ndadaye (L. Ngendakumana)

Akagaye gakorwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ku banyagihugu, ni ingendo mbi isubiza inyuma intwaro rusangi ya demokarasi mu Burundi. Léonce Ngendakumana, yahoze arongoye umugambwe Sahwanya-FRODEBU, akaba abivuze mu gihe uwo mugambwe wafashe ukwezi kwa gatandatu nk’ukwezi kwahariwe demokarasi. Ngendakumana akamenyesha ko umugambwe Sahwanya-FRODEBU wihaye intumbero yo gusubira guharanira iragi rya Ndadaye, agahamagarira n’Abarundi bose gushira inguvu hamwe kugira babandanye baharanira iragi rya Ndadaye.