Amakuru
14 juin 2022

Abarundi bahungiye muri Tanzaniya bazotaha ari uko ico bahunze cavuyeho

Kugira umuntu ahunguke ngo ni uko ico yahunze kiba cavuyeho. Ibi ni ibishikirizwa na Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL. Akaba yabishikirije kuri uno w’Imana mu ntara ya Rumonge, afatiye ku kuntu impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya zifatwa nabi. Agathon Rwasa agasaba leta ya Tanzaniya guhagarika gufata nabi impunzi z’Abarundi ziri muri ico gihugu.