Abagwizatunga ntibakora mu mutekano kandi bisanzuye bikwiye mu gihugu, ni na vyo bituma Abarundi baba mu mahanga batazana imitahe yabo mu gihugu. Ivyo bivugwa na Pacifique Ndayisaba, aserukira Abarundi baba muri Australiya. Akaba abivuze inyuma y’akamo umukuru w’Igihugu Évariste Ndayishimiye yateye Abarundi baba mu mahanga abasaba kuzana imitahe yabo n’ubumenyi ngo bubake igihugu. Hari mu ndwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga yatunganijwe mu ntara ya Kayanza, ikaba yasozerewe ku munsi wa kane igenekerezo rya 1 Myandagaro. Pacifique Ndayisaba asigura ko igihe cose leta izoshiraho amategeko yorohereza abagwizatunga, n’abo Barundi baba mu mahanga bazokwizana batabanje guterwa akamo n’umukuru w’Igihugu canke leta.
Amakuru
2 août 2024