Amakuru
17 février 2022

Abarundi baba mu Bubiligi biteguriye imyiyerekano yo kwiyamiriza amabi akorwa n’umugambwe CNDD-FDD

Abarundi baba mu gihugu c’Ububiligi bariko baritegurira imyiyerekano bazokora kuri uyu wa gatandatu i Bruxelles ku murwa mukuru. Aho ni mu gihe umukuru w’Igihugu c’Uburundi ariyo ari mu nama ya 6 ihuza ibihugu vya Buraya n’ivya Afrika. Iyo myiyerekano izoba ifise intumbero yo kwiyamiriza amabi y’agahomerabunwa akorwa n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Jean Bosco Rwigemera, umwe mu bariko barategura iyo myiyerekano, akaba n’icegera c’uwurongoye urunani CFOR-Arusha, ahamagarira Abarundi baba ku mugabane wa Buraya kubashigikira muri ico gikorwa co gusaba ko Abarundi basubira kuronka amahoro.