Amakuru
19 octobre 2022

Abarundi 2 baba mw’ikambi ya Nduta barishwe, uyundi arapfunzwe inyuma yo kuborezwa igufa

Urunani CFOR-Arusha ruranegura igandurwa mu mpera z’indwi iheze ry’Abarundi babiri bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mw’ikambi ya Nduta. Umwe yari umugabo w’imyaka 28 yishwe abanje kuborezwa igufa n’abapolisi bo muri ico gihugu, uwundi na we yahambwe mu kinyegero n’ubu akaba ataramenyekana. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, amenyesha ko ivyo biri muri rwa rukwirikirane rwo guturubika impunzi kugira zitahe ku nguvu. Urwo runani ruributsa ishirahamwe mpuzamakungu HCR ko ivyo vyose bibazwa amashirahamwe yitwa ko ajejwe gukingira impunzi. Bamvuginyumvira ahamagarira impunzi gufatana mu nda muri bino bihe bidasanzwe ziriko baratotezwa.