Amakuru
15 mai 2024

Abarongoye Uburundi na Congo ni bo batuma ata muti utorerwa ibibazo vy’akarere (T. Gatabazi)

Inyifato y’abantu bakomeye bamwe bamwe bo mu karere ituma ibibazo akarere karimwo bidatorerwa inyishu. Abo ni abakuru b’Ibihugu vy’Uburundi na Congo. Uwo ni umwihwezo wa Tite Gatabazi Rutikanga, umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda akaba akurikiranira hafi ivya politike, yabivugiye mu kiganiro « Propos Majuscules » ca radiyo televiziyo y’Urwanda RTV. Ku bwa Tite Gatabazi, abo bakuru b’Ibihugu baguma bavuga ko ibibazo barimwo babiterwa n’Urwanda. Ivyo bihugu bibiri rero, na cane cane Uburundi budashaka kwemera ingorane burimwo, ntibishobora kuva mu bibazo bibihanze.