Amakuru
14 janvier 2023

Abarongoye imigambwe ubu basa n’abarajwe ishinga no gushika mu bibanza gusa

Imigambwe isa n’iyiriko iratakaza uruhara rwayo mu Burundi. Bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo, PARCEM. Yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa gatatu igenekerezo rya 11 Nzero. Yari aramutse ashikiriza icegeranyo c’umwihwezo w’ukuntu intwaro ibereye yari yifashe mu mwaka w’2022. Faustin Ndikumana abona ko ubu ku rubuga rwa politike ata guhangana mu vyiyumviro n’imigambi vy’imigambwe bikihari.