Amakuru
29 février 2024

Abanywanyi ba Mutuelle basabwa kubimenyesha igihe banse kuronswa imiti kuri pharmacie bikorana

Umunywanyi w’ishirahamwe Mutuelle azokwankirwa kuronswa umuti mu ma pharmacies akorana n’iryo shirahamwe, asabwa kubimenyesha Mutuelle. Akamo gaterwa n’umuyobozi mukuru wa Mutuelle, Ramadhan Nyandwi. Arongera akamenyesha ko vuba intonde nshasha z’imiti n’ibiciro vya yo, zizomenyeshwa abanywanyi ba Mutuelle.