Amakuru
8 mars 2021

Abanyororo 5250 bagiye kurekurwa kubera ikigongwe c’umukuru w’igihugu

Abanyororo 5250 bagiye kurekurwa kubera ikigongwe c’umukuru w’igihugu. Mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ryo kuri uyu wa 05 Ntwarante 2021, yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c’abantu bari mu mabohero. Abanyororo bazorekurwa bari mu mirwi myinshi. Aha twovuga nk’abakenyezi bibungenze, abanyororo bashaje canke abafise indwara zidakira. Ariko abafungiwe ivya politike bobo ntibarabwa n’iyo ngingo.