Leta iriko irakora kugira ubutunzi bwayo bwanyonyejwe bugarurwe. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye atanga akarorero k’umuliyaridi w’amafaranga y’amarundi yatangujwe ibikorwa vyo kwubaka ikibuga c’inkino Intwari mu gisagara ca Bujumbura. Yabishikirije ku munsi wa kane aho yari yagiye kuraba aho ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga bigeze. Evariste Ndayishimiye akavuga ko amafaranga yose azogarurwa mu yanyonyejwe azokoreshwa mu bikorwa vy’iterambere.
Amakuru
23 décembre 2022
