Amakuru
24 août 2021

Abanyepolitike bararajwe ishinga n’ikibazo c’abantu banyuruzwa bakaburwa irengero n’ayandi mabi

Abanyepolitike bararajwe ishinga n’ikibazo c’abantu banyuruzwa bakaburwa irengero n’ayandi mabi azimanganya ubuzima bwa kiremwa muntu. Akarorero ni nka Francis Rohero, yitoje ku giti ciwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka uheze. Ariyamiriza ayo mabi acibonekeza mu Burundi, agatera akamo abaharanira agateka ka zina muntu kubandanya basemerera kugira ayo mabi ahagarare.