Amakuru
19 mai 2024

Abanyecongo barafise ingorane zijanye n’ivunjwa ry’amafaranga iyo baje kurangura mu Burundi

Abarwizatunga baturuka muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo baza kurangurira mu Burundi, bavuga ko bafise ingorane nyinshi zijanye n’ingene amafaranga avunjwa. Mu nama yabaye muri ino ndwi i Bujumbura yo kwigira hamwe ibibazo bijanye n’ibituma Abarundi badashora hanze, umwe mu Banyecongo bari muri iyo nama, yavuze ko ababazwa n’uko hari abakozi benshi ba Lumicash bari mu gihugu ca Congo kugira bavunjire Abanyecongo baje kurangura mu Burundi kandi ku giciro ciza gitandukanye cane n’igiciro c’Ibanki nkuru y’igihugu. Ku bwiwe, ngo iyo bageze gusubira inyuma, ikigo OBR kibasaba impapuro bavunjiyeko amafaranga angana n’ivyo bavuye kurangura.