Amakuru
11 août 2023

Abanyamwema barakeneye gukingirwa ikumira bagirirwa mu kibano kubera indwara

Abantu bafise indwara y’ubunyamwema ihindura urukoba barafise uruhara mu guterera mw’iterambere ry’igihugu, ababakumira bamenye nyabuna ko bakwiye kubitaho bakabakingira. Bishikirizwa na Constance Katihabwa, arongoye ishirahamwe ry’abanyamwema riharanira agateka kabo Live Together as a Family (kubana twese nk’umuryango). Akanegura ko babandanya gukumirwa mu kibano kandi hadasiba gutangwa inyigisho zerekana ko na bo ari abantu nk’abandi. Agasaba abavyeyi kubandanya bigisha urwaruka kurwanya iryo kumira.