Amabi ariko arakorerwa Abanyamulenge bo mu gice ca Minembwe muri Congo arateye umutima uhagaze abatari bake, na cane cane ko ari amabi asa nk’ayerekeza ku bwicanyi bwo kubahonya. Ivyo ni ibishikirizwa n’umushingwamanza Claude Bagayamukwe Alika, umushingwamanza muri barreau ya Kivu y’epfo, akaba no mubaburanira Abanyamulenge bo minembwe. Amenyesha ko ubutungane butegerezwa kwumva akamo k’abo Banyamulenge kugira babandanye babakingira ubwicanyi busa n’ubufise intumbero yo kubahonya. Akaba yabishikirije kuri uyu wa mbere igihe bari batwaye ibirego ku mushikirizamanza mukuru akukira sentare isambura Imanza ya Kinshasa.
Amakuru
29 septembre 2021
