Amakuru
1 octobre 2021

Abanyagihugu ni buguruke amaso basabe uburenganzira bwabo bwo kugira amagara meza

Birababaje kubona leta y’Uburundi idafata ingingo yo gukingira abanyagihugu bayo ikiza c’umugera wa Corona. Biri mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye kuri uyu wa 28 Nyakanga 2021. Epitace Nshimirimana, umuvugizi w’uwo mugambwe, akamenyesha ko ikibabaje gusumba ari uko abategetsi bamwe bamwe bobo biteje urucanco rwo kwikingira ico kiza. Uwo mugambwe uhamagarira amakungu gufata ico kibazo co kugarukira amagara y’Abarundi mu ntoke.