Ukugumizaho canke gukuraho ibitigiri vy’uguserukirwa kw’amoko mu nzego za leta, ni ikibazo gisa n’ikitarafata intumbero. Icibonekeza co ni uko abanyagihugu bo mu Kirundo batagihurizako. Bamwe bati iryo tegeko ryogumaho, abandi bakabona ko ryovaho. Babivuze bishura ku kibazo Denise Ndadaye, icegera ca mbere c’umukuru w’Inama nkenguzamateka yababajije ku munsi wa kane.
Amakuru
9 septembre 2023