Amakuru
27 janvier 2023

Abanyagihugu bo mu Kirundo basabwa kuriha amakori ku neza y’iterambere ryabo n’iry’igihugu

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo bahamarirwa kuriha amakori n’amatagisi bakareka guca mu nzira za magendo kugira bashobore kwiteza imbere, n’igihugu kibonereho. Akamo gaterwa n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta. Hari mu nama yagiranye n’abakorera mu gisata c’ubutunzi ku munsi wa kabiri. Audace Niyonzima akaba yashimikiye kw’itozwa ry’amakori asanzwe ari yo mafaranga yinjira mu kigega ca leta avuye hagati mu gihugu.