Amakuru
7 avril 2023

Abanyagihugu bo mu Gatumba bama bahura n’umwuzurira w’amazi bakwiye kwimurirwa ahandi

Nta kindi leta yokora atari ukwimura abanyagihugu bo mu Gatumba bamaze igihe baterwa n’imyuzurira y’amazi. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari Icegera c’umukuru w’Igihugu. Ni inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri haguye imvura mu Gatumba, muri komine Mutimbuzi igatwara amazu y’abantu . Bamvuginyumvira agasaba leta kwimura abo bantu ikabajana ahandi boba.