Amakuru
10 janvier 2023

Abanyagihugu b’i Bujumbura bategerezwa gukwirikiza amabwirizwa y’isuku birinde ikiza ca Choléra

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bategerezwa guhindura inyifato kugira bashobore guhangana n’ikiza ca choléra camaze kwibonekeza. Ukurwanya ico kiza kiva ku mwanda ahanini bikaba bihagaze ku guhindura inyifato mu bijanye n’isuku. Izo ni impanuro za Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu, akaba abivuze inyuma y’aho umushikiranganji w’Amagara y’abantu amenyeshereje ko ico kiza camaze gushika mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura. Agasaba abari mu gisata c’ubuvuzi kwegeranya amakuru yose yobafasha kurwanya ico kiza.