Amakuru
4 avril 2023

Abanyagihugu b’i Bujumbura basabwa gutonda amasaha abiri mu bikorwa rusangi

Iterambere rizova mu maboko yacu. Ako ni akamo gaterwa na Sabine Ntakarutimana, icegera ca Mbere c’umukuru w’Inama nshingamateka. Yagateye abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze, igihe yari yagiye kwifatanya n’abanyagihugu bo muri zone Gihosha mu bikorwa rusangi. Agasaba Abanyabujumbura gutangura guhurumbira ivyo bikorwa rusangi.