Amakuru
21 mars 2023

Abanyagihugu bategerezwa gufata ingingo zibakingira ikiza c’umugera w’ubukangwe

Umugera w’indwara y’ubukangwe ari yo bita poliomélyte warikira mu mihogo canke mu mara. Mu kwandukira, uwo mugera urahanahanwa hagati y’abariko baravugana, na cane cane mu gihe abana bariko barakina. Bishikirizwa na Come Konakuze, umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu. Abishikiriza mu gihe ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 17 Ntwarante, ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bwamenyesheje ko ico kiza camaze kwibonekeza mu gihugu. Akavuga ko kugira ngo abanyagihugu bayirinde, bakwiye kugira isuku no kwijukira urucanco.