Abantu 14 barugaraniwe mu bitaro vy’umwami Khaled, kubera bahavuriwe bagakira ariko babura amafaranga yo kuriha ibitaro. Bose hamwe bakaba baheranye amafaranga yababa imiliyoni 9 mu mafaranga y’amarundi. Bivugwa na Gloria Ingabire, ajejwe gukurikira abatishoboye, akaba yabivugiye kuri télévision y’igihugu. Ku bwiwe, abarongoye ivyo bitaro bakamenyesha ko hari n’abandi barwayi bari ng’aho ariko botegerejwe kuja kuvurirwa mu bitaro bindi kubera ubuhinga indwara bafise zisaba, ariko bakaba bakiri aho kubera babuze uburyo bwo gushikayo. Bagasaba abagiraneza kugarukira kuri abo banyagihugu.
Amakuru
6 janvier 2023
