Amakuru
31 janvier 2023

Abanyagihugu babayeho nabi kubera itunganywa ribi ry’ubutunzi bw’igihugu

Abategetsi b’Uburundi bari bakwiye guhindura ubuzima bubi abanyagihugu barimwo, kuko bariyemerera ko babigizemwo uruhara. Ivyo bishikirizwa na Keffa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU, hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze i Bujumbura. Avuga ko ababazwa n’ukubona abanyagihugu babayeho mu buzima bubi kubera ugutunganya nabi ubutunzi bw’igihugu bwari bukwiye gusangirwa n’Abarundi bose. Akemeza ko bagiye gutunganya ibiganiro n’abanyagihugu kugira babereke uko ibintu vyifashe, kugira baze bavyisunge mu matora azokurikira.