Amakuru
13 juillet 2022

Abanyagihugu b’Abarundi bashobora kwiyongera incuro zibiri mu myaka 29 iri imbere

Leta y’Uburundi irahagaritswe umutima n’umurindi w’irwirirana ry’abantu, ari na co gituma vyihutirwa ko hashirwaho politike y’igihugu iraba ibijanye n’abanyagihugu. Bimenyeshwa na Martin Niteretse, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu. Ku bwiwe, Abarundi bariko bariyongera ku murindi munini, ku buryo ibitigiri bihari bishobora kurwizwa na kabiri mu myaka 29 iza. Ivyo ngo bigashobora kurwiza ba ntahonikora hamwe ata cokorwa.