Amakuru
12 octobre 2021

Abantu umunani barishwe muri iyi ndwi iheze kubw’icegeranyo ca Ligue Iteka

Abantu umunani nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, batatu nabo bafashwe bidaciye mu mategeko. Ibi tubisanga mu cegeranyo co mu ndwi iheze c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Iteka. Abakoze ayo mabi bakaba ari bamwe mu bapolisi, Imbonerakure, hamwe na bamwe mu bakora mu nzego z‘iperereza. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye ishirahamwe Iteka, agasaba leta kugira amatohoza kugira abakoze ayo mabi bashengezwe imbere y’ubutungane.