Amakuru
24 décembre 2020

Abantu isinzi barishwe ku musi wa gatatu muri Etiyopiya

Abantu isinzi barishwe ku musi wa gatatu muri Etiyopiya. Abantu barenga ijana nibo bahitanywe n’igitero cakozwe n’abantu bitwaje ibigwanisho mu burengero bw’ico gihugu. Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu umenyesha ayo makuru, uvuga ko ico ari igitero ca nyuma mu bitero vyinshi vyahitanye abantu batari bake muri aya mezi ya nyuma.