Amakuru
12 janvier 2022

Abantu hafi 500 nibo bishwe mu mezi 3 aheze, hamwe n’ayandi mabi atandukanye

Abantu 481 nibo bishwe harimwo 345 bishwe baturiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega, 22 baraburwa irengero, 72 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, hamwe n’abandi 23 bahohotewe. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ligue Iteka co kuva mu kwezi kwa Gitugugu gushika mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka w’2021. Ku bwa Célestin Ruribikiye, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, amenyesha ko abakora ayo mabi ari bamwe mu bari mu nzego z’iperereza babifashijwemwo n’abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Célestin Ruribikiye agasaba ubutegetsi gukurikirana no guhana abakora ayo mabi yose.