Amakuru
14 juillet 2021

Abantu batanu barahagaritswe hadakurikijwe amategeko mu ndwi iheze, ifatwa rya bamwe muri bo ryabaye nko kubanyuruza

Abantu batanu barahagaritswe hadakurikijwe amategeko mu ndwi iheze, ifatwa rya bamwe muri bo ryabaye nko kubanyuruza, abandi ntiharamenyakana irengero ryabo gushika ubu. Ivyo ni ibivugwa n’ishirahamwe FOCODE. Pacifique Nininahazwe arirongoye, akamenyesha ko batewe amakenga n’iryo totezwa ry’abanyagihugu riguma ryiyongera kandi mu ntara nka zose z’igihugu.