Amakuru
5 mai 2022

Abantu barenga cumi baragandaguwe, abandi bakorerwa amabi atandukanye

Abantu 18 nibo bamenyekanye ko bishwe, abakenyezi 4 bakorerwa amabi afatiye ku gitsina, umuntu 1 asinzikarizwa ubuzima, hamwe n’abandi 9 bahagaritswe hadakwirikijwe amategeko. Ivyo bitigiri bikaba biri mu cegerenyo c’Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka gisohoka buri ndwi. Célestin Ruribikiye, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, asaba leta gukurikirana mu butungane abakora ayo mabi.