Amakuru
6 décembre 2021

Abantu barenga 30 baragandaguwe mu kwezi kwa Munyonyo 2021 n’ayandi mabi atandukanye

Abantu 36 nibo bagandaguwe, 9 bafatwa ku nguvu, 7 baranyuruzwa, 10 basinzikarizwa ubuzima hamwe n’abandi 32 bahagaritswe hadakwirikijwe amategeko. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’ukwezi kwa Munyonyo 2021 c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Iteka. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye ligue Iteka, akavuga ko iryo shirahamwe rirajwe ishinga n’ibiziga biguma bitorwa, abajejwe intwaro bakihutira kubihamba ata matohoza abaye.