Amakuru
26 octobre 2021

Abantu barenga 10 nibo bagandaguwe, abandi nabo bakorerwa amabi atandukanye

Abantu 10 nibo bishwe, 5 bafatwa ku nguvu, 1 asinzikarizwa ubuzima, hamwe n’abandi 2 banyurujwe. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo c’indwi yo kuva ku wa 18 gushika ku wa 24 Gitugutu 2021 c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, asaba leta gufata abagirizwa ivyo vyaha kugira bahanwe hisunzwe amategeko.