Amakuru
9 juin 2022

Abantu bagera kuri 40 baragandaguwe mu kwezi kwa Rusama 2022, abandi bakorerwa amabi atandukanye

Abantu 40 ni bo bamenyekanye ko bishwe, 14 barafatwa ku nguvu, 6 baraburwa irengero, 3 baraborezwa igufa, nayo abandi 5 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko. Ivyo ni ibiri mu cegeranyo c’umuhari Iteka c’ukwezi kwa Rusama 2022. Egide Havugiyaremye, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri uwo muhari, agahamagarira ababijejwe gukora ivyo bashoboye kugira ngo agateka ka zina muntu kubahirizwe mu Burundi.