Amakuru
1 octobre 2021

Abantu bagera kuri 21 baramenyekanye ko bishwe mu ndwi yo ku wa 20 gushika ku wa 26 Nyakanga 2021

Abantu 21 nibo bagandaguwe, 7 barakorerwa amabi afatiye ku gitsina, 2 barahohoterwa, 5 baranyuruzwa, abandi 10 barahagarikwa bidaciye mu mategeko. Tubisanga mu cegeranyo umuhari Iteka urwanira agateka ka zina usohora buri ndwi. Emmanuel Nibizi, icegera c’uwurongoye uwo muhari, asaba ubutegetsi gukora amatohoza yimbitse kugira ngo abakora ayo mabi bashengezwe imbere y’ubutungane.