Amakuru
9 février 2022

Abantu bababa 40 barishwe mu kwezi kwa Nzero 2022, abandi bakorerwa amabi atandukanye

Abantu 37 nibo bamenyekanye ko bishwe, 15 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko, 4 basinzikarizwa ubuzima, hamwe n’abandi 14 bakorewe amabi afatiye ku gitsina. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ligue Iteka co mu kwezi kwa Nzero 2022. Ku bwa Egide Havugiyaremye, arongoye igisata co kumenyesha amakuru muri ligue Iteka, amenyesha ko abakora ayo mabi ari bamwe mu bari mu nzego z’iperereza babifashijwemwo n’abapolisi hamwe n’Imbonerakure. Egide Havugiyaremye agasaba ubutegetsi gukurikirana mu butungane abakora ivyo vyaha.